Rumonge: Indongozi zatabarije umwana yavunywe ukuguru n'imbonerakure none bafunzwe icamaso haraheze amasaha 6
Abo bose bafunzwe kur'uyu wa kabiri igenekerezo rya 30 Kigarama 2025,akaba ari uwutwara zone ya Rumonge ,umuvyeyi w'umwana aheruka gukubitwa n'imbonerakure, uwo mwana yavunywe ukuguru,hamwe n'umukuru w'umutumba Kanyenkoko ,ariko kandi havugwa n'intwazangabo mu gipolisi nayo yoba ifunganywe nabo naho ataramenyekana uwariwe .
Amakuru twahawe n'umwe mu bashingamateka batowe mu Rumonge ,yemezako ibiriko biraba ari agahomerabunwa aho imbonerakure ihonyanga agateka k'umwana ,hagukubitwa intahe mu gahanga ahubwo hagafungwa abatabarije uwo mwana .
Amakuru yo kwizera yemezako vyose vyatanguye kw'igenekerezo rya 9 Munyonyo 2025,aho imbonerakure isanzwe izwi mu mabi menshi ngaho mu Rumonge izwi ku mazina ya Ndayishimiye Léonard atwara ipikipiki ,aho yasanga umwana w'umuhungu w'imyaka 13,ariko rakina n'abandi bana akaba ariwe ahitamwo akamwegaguza amahiri gushika amuvunye ukuguru kw'ibubamfu .
Inzego zo hasi zaratabarije uwo mwana Irishura Binfils ko ariko arakubitwa buyoka ,amakuru ava mu Rumonge avuga ko uwutwara igipolisi yahagaritse abo bakoze iryo bara ,ariko baza kurekurwa kw'itegeko ry'uwahoze ari Porokirere wa Bururi Kanyange Therese ubu yarabogojwe .
Ari kumwe n'izindi ndongozi ,Tereza yasavye imbonerakure yakoze ayo mabi kuja kuvuza uwo mwana nkuko mubisoma mururwo rupapuro rw'isuzumwa aho basanze umwana ategerezwa kuja kuvurirwa mu gisagara ca Bujumbura ku bitaro vya Prince Legens Charles mbere Ndayishimiye anemera kuja kuvuza uwo mwana.
Hanyuma yaho wa mwana yaranyurujwe atwarwa ku mu pfumu ngaho mu Rumonge kw'igenekerezo rya 15 Munyonyo 2025 aho yabandanije gusinzikara akaba yamazeyo ukwezi kwose ubu akaba yaramaze no gusinzikara cane ni mugihe abari bategetse ko ajanwa i Bujumbura bari bazi ko ariko aravurirwa ku bitaro Prince Legens Charles.
Kubera gusemera kw'izindi ndongozi ,wa mwana yahavuye akurwa kuri wa mu pfumu ,asubizwa muhira mu ka Nyekonkoko ,ha gutwarwa kwa muganga I Bujumbura.
Ubu rero abatabarije uwo mwana bose bafunzwe ica maso na Procureur mushasha wa Bururi Ntamatungiro Léonard, mbere abaduhaye amakuru bafise impungenge ko izi ndongozi zishobora no guca zinjizwa ibohero ,kubera ko "bakoze ku mbonerakure ivuga ko yiyemera" .
Nta misi iheze umukuru w'igihugu Ndayishimiye Varisito asemereye ko ibijanye n'ubutungane mu Burundi bicumbagira kandi ko azoruhuka aruko ubwo butungane bufashe umurongo .

English
Kirundi
Français